Nimba
ivyugukunda ari uku kuntu bibabaza
Nyereka uwabitanguje ndafise ico ndamwibariza
Nimba ivyo gukunda ari uko kuntu ari amananiza
Nibabishire mu mashure ayisumbuye na kaminuza
Oh, ntibirama, Burira iwanje ntibuca
Aho abandi baryoherwa jewe namana amarira
Uguhemukirwa, ugutabwa nk’akanuka
Aho abandi babona umuco je mbona umwijima
Oh, mbe Rukundo, Rukundo, Rukundo
Mbe Rukundo, je nawe dupfiki ?
Mbe Rukundo, Rukundo, Rukundo
Mbwira Rukundo je nakugiziki ?
Ntawe tumarana kabiri
Hatajemwo amahiri
Hazamwo ugushwana
Ahari urukundo hakazurwanko
Ntawe tumarana kabiri
Hatajemwo amahiri
Hazamwo ugushwana
Ahari urukundo hakazurwanko
Nimba ivy’urukundo ari uku kuntu bituntuza
Nyereka umuhinga wavyo nshakako ansigurira
Ngwino uwukunda wese ngire ico ndakwibariza
Hari umubabaro uzi woza usumba uguhemukirwa
Oh, ukwihakanwa, ugutukwa, uguturubikwa
Nagerageje kenshi jewe vyama ari akavuyo
Uguhemukirwa, ugutabwa nkakanuka
Aho abandi babona umuco jew mbona umwijima
Oh, mbe Rukundo, Rukundo, Rukundo
Mbe Rukundo, je nawe dupfiki ?
Oh, mbe Rukundo, Rukundo, Rukundo
Mbwira Rukundo je nakugiziki ?
Ntawe tumarana kabiri
Hatajemwo amahiri
Hazamwo ugushwana
Ahari urukundo hakazurwanko
Ntawe tumarana kabiri
Hatajemwo amahiri
Hazamwo ugushwana
Ahari urukundo hakazurwanko
0 Commentaires