Niwihorere
ko we baguhevye twe turakwibuka
Nakare ngo amosozi y'umugabo atemba aja mu nda
Na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza
Umuntu wese afise uko Imana yamugeneye kubaho.
Ikintu
gihahamura umutima ni akarenganyo
Umuntu aracinyizwa bakamurengera agateka
Ariko abuze ikimuremesha ashobora guta ukwizera
Akabona yuko Imana yo isa niyamuhevye
Igitangaje nuko Imana yatugeneye igihe
Ugira neza ukora nabi imbere yayo uzoshika wishura
Ariko hari abibaza ko ngaha kw'isi vyose ari ivyabo
Amaruhiro uwo musi uzoshika twe tukavyishura.
Niwihorere
ko we baguhevye twe turakwibuka
Nakare ngo amosozi y'umugabo atemba aja mu nda
Na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza
Umuntu wese afise uko Imana yamugeneye kubaho.
Nakare
Imana yaduhaye ubwenge kugirango dukore
Ariko sivyiza ko twebwe duca tubukoresha nabi
Yaraduhaye amabwirizwa kugira ntituyarenge
Twayahawe n'uwuganza ijuru n'isi we yaturemye
None iyi si yacu kuki yirirwa mugicumuro no mu ntambara
Abantu bagatikira kandi twese twari abavukanyi
Muntu wese waremwe aha kw'isi nukorere Imana
Ntuzomaramare uwo musi wo gushikayo ukugezeho.
Niwihorere
ko we baguhevye twe turakwibuka
Nakare ngo amosozi y'umugabo atemba aja mu nda
Na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza
Umuntu wese afise uko Imana yamugeneye kubaho.
Niwihorere ko we baguhevye twe turakwibuka
Nakare ngo amosozi y'umugabo atemba aja mu nda
Na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza
Umuntu wese afise uko Imana yamugeneye kubaho.
0 Commentaires